homepagekirundikirundi_Sports

Ingendeshwa nshasha ya Olivier Niyungeko yamaze gushika

Iryavuzwe riratashe ya ngendeshwa nshasha y’umumenyereza w’intamba mu rugamba Alain Olivier Niyungeko yamaze gushika mu Burundi

Kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 19 Mukakaro umwaka wa 2019 , niho umumenyereza w’intamba mu rugamba yashikirizwa ingendeshwa yiwe nshasha iri mu bwoko bwa Wish ivuye mu buyapani, iyo ngendeshwa nshasha ya Alain Olivier ikaba ishobora kuba yamutwaye nk’imiriyoni 13 z’amarundi kugira imushikire.

Aganira na indundi Sports Olivier Niyungeko yemeye y’uko ingendeshwa nshasha yari yatumye hanze imaze kumushikira nk’uko abantu babonye .

Olivier Niyungeko akaba yahora agendera mu ngendeshwa iri mu bwoko bwa Spacio iyo nayo akazoyiha umugore wiwe nk’uko yayagiye Indundi Sports.

Eka si Olivier wenyene yoba yaguze ingendeshwa nshasha hari n’abandi bakinyi bamaze kugura ingendeshwa zabo bwite kuva aho baviriye mw’ihiganwa rya CAN 2019 , abo nabo akaba ari umunyegori Nahimana Jonathan amaze kugura imodoka iri mu bwoko bwa Porte , Nahimana Shassir iyiwe ikaba iri mu bwoko bwa Vit hamwe na Ngando Omar iyiwe ikaba iri mu Bwoko bwa T.I.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871