EducationhomepagekirundiLaurette TETEROsociete

Ijambo “babylone” ryoba rikoreshwa aho bikwiriye?

Dufatiye ku mamuko ijambo “Babylone” ni izina rya kera ry’igisagara Mesopotamie kiri mu bumanuko bwa Bagdad muri Irak.

 

None yoba ari iyihe mvo iryo zina ryahavuye ryitwa umuntu canke umurwi w’abantu?

Vyose vyatanguranye n’ingoma y’umwami Nabuchodosor yaramutswa Babylone.

Nabuchodonosor amaze gufata igisagara Yerusalemu agahagarika ubwami bwa Yuda ndetse n’ingoma ya Dawudi, ingoro ya Salomo igasamburwa, abayahudi b’abacikacumu benshi baciye batwarwa mu buja i babylone.

Amabi yakorewe aba Yuda murubwo buhungiro yari menshi cane barimwo kwicwa, gutotezwa, mbere no kugurishwa kurya bagurisha igitungwa.

Ivyo vyose bigakorwa n’umwami Nabuchodonor co kimwe n’abandi ba babironi, aho niho hambere dusanga izina babylone gisigura umuntu akorera inabi kiremwa muntu nk’uko aba ny’Israyeri babikorewe n’aba nye baburoni.

Muri ubwo buhungiro abayuda bafashijwe n’intumwa Isai baratahuye ko bikuye ku Mana yari yabateyiteka ryo kuba abana bayo ari naco catumye baba abaja, baca batangura kuyiyegereza; ivyo bigasigura ko iyo umuntu yikuye ku Mana yegera baburoni cane akanahinduka umuja wiwe ari nayo mpamvu kenshi bivanye n’inyifato yerekana bamwita babylone.

Turi mu gihe c’ubuhungiro nko mu myaka ya 597_538 igihe c’intumwa nyinshi ku ba ny’israyeri, igihe kandi  hahavuye havuka igitabu  citiriwe Imana “Bibiliya” ifatwa nk’inkota yo kwikurako izina babylone

Dufatiye muri kubu ijambo “babylone” rikunze gukoreshwa cane n’abahurikiye mu muhari w’abemera ivyiyumviro bita ivy’iki Rasta “rastafarisme”, abo nabi bagasigura batavunitse ko babylone ari ibohero ry’ivyiyumviro biturutse kw’ikandamizwa ndetse n’agacinyizo, ico bise mu kinofunofu (société d’oppression).

Barongera kandi bati ni ikumira rifatiye kuvyo twihereza, kuburyo wewe ico ukunda uwundi atagikunda aca acita icaha ukanagihanirwa kandi nawe yarafise ivyo akunda utobimuziza we akabikora kubera akuganza, ico bise (société de consommation)

Barongera kandi bati amategeko avuga ko umuntu avukana ubwigenge, ariko suko biri na gato kubera imbibe zidutandukanya twisanga turi mu buja bwa baburoni.

Mw’ijambo rimwe babylone ni sekibi, nuwo wese atigera yifuriza ineza abandi, ni imico mibi yihinduye umuntu.

Babylone ni uwo atwara utuntu twa muntu twompi (kunyaga urukombamazi) ni uwo muntu atagira urukundo, ni uwo acinyiza abandi, ni uwo agutwara ikintu ufise c’agaciro kandi azi neza ko atari bukigusubize.

None wewe woba uri Babylone?

Ico ushaka ko abandi bakugirira kibagirire nawe, ntukipfurize inabi abandi kandi nawe uzi ko yokubabaza.

Izere kandi unezerez’Imana uzoba uvuye mu buja bwa babylone.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 756