BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

B Face yavuze igituma yashimye gukorana indirimbo na Tom Close

Amasanamu y’indirimbo yakoranye na Tom Close ngo biragoye kuvuga ryari azoshirirwa ahabona, kuko atayo afise mu ntoke.

I Kigali mu Rwanda B Face icamujanye ngo n’ugukora amasanamu y’indirimbo afitanye na Tom Close, nkuko yabiyegiye ikinyamakuru Isimbi Tv gisanzwe gikorera I Kigali.

Muri ico kiganiro B Face yabajijwe ryari iyo ndirimbo azoyishirira ahabona, avuga ko bigoye kuvuga mu gihe we ata ndirimbo aba afise mu ntoke. Ariko yavuze ko amajwi y’iyo ndirimbo ayafise, ngo binashoboka ko ayashira ahabona imbere yuko amasanamu asohoka, ariko ico yipfuza gusumba ngo nuko yosohorerwa rimwe n’amasanamu yayo.

Muri ico kiganiro B face yavuze ko yashimye gukorana na Tom close kubera ko ari umu Legend  akaba incabwenge kandi akicisha bugufi, ngo ivyo vyose si bose babifise arico gituma yamugomwe. Ivyo amushimako vyahezagiwe nuko yabimusavye ko yomuririmbira mu ndirimbo nawe aravyemera.

Mwomenya ko iyo ndirimbo izoba ibaye iya 2 akoranye n’umunyarwanda, iya 1 ikaba ari iyo yakoranye n’umunyarwanda yitwa Mico The Best mu mwaka wa 2016.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775