BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Diamond buca ateramisha abataboneye amakuba mu ca 1

Ikindi giteramo ca Diamond camaze gutangura gutegurwa i Bujumbura, inyuma y’icakomerekeyemwo benshi, abandi baravunika.

Inyuma y’igiteramo akoreye i Bujumbura, kikitabirwa n’abantu batari bake, Diamond ngo azosubira gukubitira i Bujumbura ahakorere ikindi giteramo. Ivyo bikaba vyemezwa n’abatari bake inyuma y’ikiyago Management ya Diamond yakoranye na SS Ent hamwe na Zion beach.

Ico giteramo kikaba kizoba kibaye ica 2 akoreye i bujumbura imbere y’ico azokorera I Kigali, aho arico cari categuwe imbere y’ico yakoreye I Bujumbura.

 


Amakuru dukesha abashitse mu kibanza ca ETS aho yakoreye ico giteramo, Diamond ngo yari yamenyesheje abakunzi b’ibikorwa vyiwe ko afate nkaho ata giteramo yakoze, ngo azogaruka vuba kuhakorera ikindi giteramo.

Ivy’ico giteramo kandi bimenyekanye mu gihe habonetse utunenge tutari duke mu bari bajejwe umutekano hagati muri ico giteramo, aho bisa n’ivyabananiye gushira ku murongo abitabiriye ico giteramo, bigatuma abatari bake bakomereka abandi nabo baravunika nkuko amakuru dukesha bamwe mu bari ngaho abivuga.

Mwomenya ko hataramenyekana igiciro abantu bazinjirirako muri ico giteramo, mu gihe icaheruka binjira ku 5000, mu bwinjiriro bw’iteka ari 50,000.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775