homepagekirundikirundi_Sports

Hatangujwe inyigisho zo gukarihiriza ubwenge abamenyeshamakuru b’inkino mu Burundi

Inyuma y’imyaka itanu bataronka ivyigwa b’ijanye n’umwuga w’ukumenyesha amakuru y’inkino hano mu Burundi muri ino ndwi ivyo vyigwa vyasubiye gutanguzwa.

Kuva ku musi wa gatatu igenekerezo rya 31 Mukakaro umwaka wa 2019, mu nyubakwa z’ikigo c’abamenyeshamakuru hariko hatangwa inyigisho ku bamenyeshamakuru b’inkino batarabigirira uburambe babifashijwemwo n’ubuserukizi bw’ubufaransa hamwe n’ishirahamwe ry’abamenyeshamakuru b’inkino mu Burundi AJSB ( Association des Journalistes de Sportif au Burundi).

Ivyo vyigwa bikaba biriko bitangwa na Athanase Ntiyanogeye yanononsoye neza umwuga w’ukumenyesha amakuru akaba n’umwigisha muri za kaminuza.

Ivyo vyigwa bikazohora bitangwa imisi itatu gusa mu ndwi ni ukuvuga umuce wa mbere watanguye kuva ku musi wa gatatu igenekerezo rya 31 Mukakaro ukaba warangije kuri uyu musi wa gatanu igenekerezo rya 02 Myandagaro umwaka wa 2019 hama umuce ugira kabiri nawo ukazotangura mu ndwi iza .

Abo bamenyeshamakuru b’inkino bose hamwe bakaba bashka 50 umuce umwumwe ukaba urimwo abamenyeshamakuru 25.

Kubw’uwurongoye ishirahamwe ry’abamenyeshamakuru b’inkino mu Burundi umupfasoni Liliane Nshimirimana : “Ivyo vyigwa bizofasha kwongereza ubumenyi ku bamenyeshamakuru b’inkino mu kazi kabo ka misi yose harimwo n’ugushimikira ku kibanza c’igitsina hamwe n’icabagendana ubumuga mu makuru y’inkino bashikiriza buri musi”.

Mukamenya y’uko ivyo vyigwa nivyarangira hazotangwa impapuro z’umutsindo ku mumenyeshamakuru wese yashoboye gukurikirana ivyo vyigwa.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871