BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Big Fizzo yavuze ku bashobora kumutwara ikibanza ciwe

Photo by Bantubwoy | Hari muri Primusic I Makamba 

Big fizzo ngo naho aryohererwa ugutera imbere kw’abaririmvyi ndundi, buri gihe yama ari maso ntihagire uwumutwara ikibanza arimwo.

Ukugenda akebaguzwa araba hirya no hino ni kimwe mu bituma agumana ikibanza amazemwo igihe kitari gito mu muziki ndundi. Ivyo n’ivyo big Fizzo aheruka gushikiriza.

Mugani Desire ngo buri gihe aguma araba hirya no hino mu baririmvyi ndundi kugira ntihagire uwumuca mu ryahumye ngo amutware ikibanza arimwo kandi amaze imisi mu muziki w’uburundi. Ivyo akaba aheruka kubiyagira ikinyamakuru Buja Hit mu kiyago bagiranye.

Muri ico kiganiro, uwo muririmvyi avuga ko kubona abaririmvyi ndundi bariko baratera imbere biramuryohera cane. Ivyo ngo bica binatuma akora cane ngo bikunde urwo rwaruka rushasha muri uno muziki wacu ntirumuce imbere.

“Umuririmvyi w’umurundi ariko aratera imbere jewe birandyohera kandi bikampa n’ingoga nanje bikantera inguvu zo kuguma nkora, mvuga nti aba basinipiti.”

Kuri ico kibazo nyene Michou Miracle akaba yamubajije nimba gushika ubu akigenda akebaguzwa muri uno muziki, kuko yibaza ko yamaze gushika mu rugezo rw’ibihangange, Legend. Big Fizzo yamubwiye ko ata jana ryanka mu rindi.

“Iyo ufise 500,000 umuntu akaguha 50,000 woyanka ngo nuko ufise 500,000? Ntushobora kuko ijana ntiryanka mu rindi.”

Ivyo Big Fizzo akaba abishikirije mu gihe abatari bake bamufata nk’igihangange, abandi nabo bakabona ko nataraba neza, urunganwe ry’ubu ruzohava rumucako kuko ruriko rukora neza kandi cane.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775