homepagekirundikirundi_Sports

Ndaye Chancel yaraye atanguye imyimenyerezo muri Mfk Vyskov

Ndaye Chancel yashikanye indoto ziwe zo gukinira i Buraya.

Kuva igenekerezo rya 20 Mukakaro umwaka wa 2019 ,niho umukinyi w’inyuma w’intamba mu rugamba w’abatarenza imyaka 23 Ndaye Chancel yafate indege yerekeza mu gihugu ca Espagne gukorerayo Stage y’igihe c’indwi yose mu mugwi wa Real Mallorca B nyuma yaho yaciye ava muri Espagne yerekeza muri Republique Cheque mu mugwi wa Mfk Vyskov fc ukina mu cicaro ca gatatu muri ico gihugu.

Kuri uyu wa Mungu waraye uheze igenekerezo rya 04 Myandagaro umwaka wa 2019 niho yatangura icese imyimenyerezo muri uyo mugwi wa Mfk Vyskov Fc wamaze kumugura mu kiringo c’imyaka 3.

Chancel Ndaye aganira n’ikinyamakuru Indundi Sports yerekanye umunezero afise muri kino gihe kuko gukina iburayi vyari mu ndoto ziwe .

Akaba yagize ati” numva nezerewe cane gukina i Buraya vyari mu ndoto zanje nshaka gushiramwo ishaka kugira nzoshike kure “.

Abajijwe ikintu coba catumye agurwa n’umugwi wa Mfk Vyskov Fc Ndaye Chancel akaba yishuye y’uko ari ukwitwara neza muri Afcon 2019 y’abatarenza imyaka 20 hamwe no gutorwa mu bakinyi 11 bitwaye neza mw’ihiganwa rya CAN 2019 y’abatarenza imyaka 20.

“Icoba catumye ngurwa n’umugwi wa Mfk Vyskov Fc n’ukwitwara neza muri CAN 2019 y’abatarenza imyaka 20 ndetse no gushirwa ku rutonde rw’abakinyi 11 bita (Equipe Type) bitwaye neza muri iryo higanwa”.

Akaba yarakiniye imigwi ya hano iwacu nka As Rengers , Tanganyika Fc , LLB4A hamwe ba Rukinzo Fc.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871