East Africa NewsEntertainmenthomepagekirundimusic

zari yavuze vyose kuvyo Diamond yavuze ko yagendanye n’umwe muba P Square

Zari avuga ko Mr P wo muri P Square ari umwe mu bahanuye Diamond ngo asubirane n’umugore, amaze kwumva ko vyayangaye, naho nawe yahavuye amushira mu gitigiri c’abagendanye n’umugore wiwe.

Arahakana ko ata numwe mubo Diamond yavuze basohokanye, ahubwo akavuga ko iyo ari imwe mu nzira Diamond yagerageza gukoresha kugira bikunde abantu babone ko ariwe ariko arakorerwa amakosa, kandi ariwe munyamakosa akomeye.

Ku kibazo c’ugusohokana n’uwo muririmvyi Mr P, avuga ko bitigeze bibaho, kuko uwo we amuzi kuva kera gose imbere yuko amenyana na Diamond ubwiwe. Akaba kandi yavuze ko amashusho yakoreshejwe bavuga ko yamuciye inyuma n’uwo muririmvyi ngo ari aya kera bataranaja mu rukundo na Diamond ubwiwe.

Uwo muvyeyi agatangazwa n’ukuntu ashobora kubeshesha amashusho yafashwe haraheze imyaka myinshi gose. Akavuga ko ayo mashusho yafashwe mu mwaka wa 2011 aho P Square yaja muri Uganda, kuko ico gihe bari bahawe imeza imwe n’uwo murwi, kuko uwari yabahamagaye yari Manager wa Zari.

Zari akaba abishikirije mu gihe Diamond we yari yamenyesheje ko hari vyinshi adashima kuvuga kuri uwo muvyeyi w’abana biwe, yagize ibanga. Murivyo hakaba hari harimwo ko uwo muvyeyi nawe yamuciye inyuma, naho ariwe ashira induru hejuru mu kumwagiriza kumuca inyuma.

Mwomenya ko Zari yashikirije ko uwo Mr P yagirizwa kugendana nawe ariwe yatanguye guhanura Diamond ngo agarukire umuryango wiwe amaze kwumva ko ivy’uwo muryango vyamaze kuyangara

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769