homepagekirundikirundi_Sports

Abanyeshure b’i Makamba barihiwe amatike kugira bazoshigikire Aigle Noir

Urukino rwa Champions league ruzohuza umugwi wa Aigle Noir hamwe na Gormahia rwitezwe gushigikirwa n’abanyeshure b’i Makamba .

Mu gihe hasigaye imisi itatu gusa kugira urukino rwa Champions league ruzohuza umugwi Aigle Noir hamwe na Gormahia wo muri Kenya rube, ishirahamwe rifata mu mugongo umugwi Aigle Noir ariryo Fondation Pax Burundi ryifadikanije n’abasanzwe barifasha ririko rironderera amatike abanyeshure bari mu buruhuko kugira bazoze gushigikira Aigle Noir ku bwinshi.

Ivyo bikaba vyanditswe ku rubuga Facebook rw’uwusanzwe atwara ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi, akaba umukuru w’inama nkenguzamateka akongera akaba ari umwe mu ndongozi z’umugwi Aigle Noir Honorable Reveriyano Ndikuriyo.

Akaba yagize ati : “Bakunzi b’umupira w’amaguru na cane cane banyeshure muri mubiruhuko, FONDATION PAX BURUNDI isanzwe ariyo ifata mu mugongo
Umurwi wa AIGLE NOIR, ifadikanije n’abasanzwe bayifasha iriko irabaronderera amatike yo kwinjira ku rukino rwa CAF CHAMPIONS LEAGUE

AIGLE NOIR CS THE FIGHTERS (BURUNDI)
VS
GOR MAHIA ( KENYA)

Mube muritegura kuwa gatanu igenekerezo rya 9 Myandagaro bazobabwira uko ayo matike angana.

Ntakitazokorwa kugira abashoboka bishikire kuraba urwo rukino.

Mukamenya y’uko urwo rukino ruzoba ku musi w’Imana igenekerezo rya 11 Myandagaro umwaka wa 2019, isaha icenda 15h00 ku kibuga c’Intwari.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871