homepageArsenalInkinokirundikirundi_SportsYvan muziki

CAF Confederation Cup : Francis Haringingo n’umugwi Mukura.Vs basezereye El Hilal Obeid

Umugwi Mukura.Vs usanzwe umenyerezwa n’umumenyereza w’umurundi Haringingo Francis Mbaya wasezereye El Hilal Obeid wo muri Soudan mu mahiganwa ya Afrika yatwaye ibikombe iwayo CAF Confederation Cup ubatsinze kuma penariti 5-4 inyuma y’imigwi yompi kumara iminota 90 y’urukino inganije 0-0.

Rwari urukino rwo gusubiriza aho mu rukino rwo gutangura rwabereye muri Soudan iyo migwi yompi n’ubundi yari yanganije 0-0.

Mukamenya y’uko Mukura.Vs ariwo mugwi wa mbere mu Rwanda usanzwe ufise abakinyi benshi b’abarundi bakina mu Rwanda nka Nduwimana Christophe, Kiza Hussein, Andre Tokoto, Djuma Iddy Said Balack, Abou, Assuman , Duhayindavyi Gael n’abandi tutibagiye n’umumenyereza wabo ariwe Haringingo Francis Mbaya.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871