Umugwi Mukura.Vs usanzwe umenyerezwa n’umumenyereza w’umurundi Haringingo Francis Mbaya wasezereye El Hilal Obeid wo muri Soudan mu mahiganwa ya Afrika yatwaye ibikombe iwayo CAF Confederation Cup ubatsinze kuma penariti 5-4 inyuma y’imigwi yompi kumara iminota 90 y’urukino inganije 0-0.
Rwari urukino rwo gusubiriza aho mu rukino rwo gutangura rwabereye muri Soudan iyo migwi yompi n’ubundi yari yanganije 0-0.
Mukamenya y’uko Mukura.Vs ariwo mugwi wa mbere mu Rwanda usanzwe ufise abakinyi benshi b’abarundi bakina mu Rwanda nka Nduwimana Christophe, Kiza Hussein, Andre Tokoto, Djuma Iddy Said Balack, Abou, Assuman , Duhayindavyi Gael n’abandi tutibagiye n’umumenyereza wabo ariwe Haringingo Francis Mbaya.