Entertainmenthomepagekirundi

Sat-B yoba agiye gukora collabo International

 

Sat-B ashobora kuba agiye gukora collabo International nk’uko biriko biravurwa ku rubuga rwiwe rwa Facebook yanditse abaza abakunzi biwe ko afise amahera none ayagure Parcelle canke akore Collabo. Abatari bake bagiye bashikiriza ivyiyumviro bitandukanye mu nyuma akaba yanditse abishura ati:”Iyi niyo nyishu y’ikibazo nabajije mukanya Kuvyerekeye Parcelle na Collabo . Ay’itomati mwitomati , kiretse akwungukiye ugatandukira urundi rudadanzwa”.

Akaba yabandanyije anagabisha aho yavuze ati:”Irinde kuvuga menshi haribindi bintu biba bivanze n’imitego . Hari n’abandi bantu mubona bagenda ariko vyukuri ntimuba mubazi neza abaribo . Ico bikoze muba mwibaza ko mubazi neza”. Ayo akaba ariyo majabo yashoboye gushikiriza abicishije kumbuga ziwe nkazose.

Mwomenyako Sat-B amaze kuvuga kwafise collabo yakoze ariko atanimwe gushika ubu irasohoka haba iyo avugako bakoranye n’umurwi wo muri Kenya Sauti sol, iyavuga kobakoranye na Meddy wo mugihugu kibanyi c’Urwanda Love Control yoyo yahavuye isohoka Meddy atawurimwo nkuko vyavurwa.Umuntu uwariwe wese aho arashobora kwibaza ati:” Mbega koko yoba agiye kuyisohora nkuko yavyemeye kwagiye kuyashira mumuziki kuko yayakuye mumuziki?”

Munyuma yaho hari abandi baririmvyi bagenziwe nabo bagize  ico babivugako aho turavuga nk’umuririmvyi Jiji Seven nawe yanditse kurubuga rwiwe  ati:”Igihugu cose uzojamwo kwisi maze uganiriye n’abanyagihugu baho,abakiri bato n’abakuze ukumva 90% ibiyago vyabo canke ikintu cambere bakeneye gushikako mu buzima n’ukugura parcelle n’Imodoka.Hama kandi ukabona abantu bafise parcelle canke imodoka bafatwa nk’uburorero bw’abantu bagize success mu buzima,
Icogihugu uzokiririre kumwe Yesu yaririra Yerusalemu.Uzogisengere caane kuko kazoza k’icogihugu karateye ikigongwe.”

Mwokwibuka ko Jiji Seven yahora abarizwa muri Sweden harihaheze igihe kitari gito ariyo ari, aho yari kunonosorera ubumenyi butari buke mu bijanye n’ukuririmba, eka n’ubundi buzima butandukanye ariko ubu akaba ari mu gihugu ciwe c’amavuko ahabarizwa mu gisagara ca Bujumbura.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769