Kuva kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 10 Myandagaro umwaka wa 2019, ihiganwa rya Primus league ry’uyu mwaka wa 2019-2020 rizoba ritanguye kundwi yaryo yambere .
Uku niko imigwi izohura :
Ku musi wa gatandatu 10/08/2019:
– Ku kibuga c’Umuco i Muyinga : umugwi Olympic Star uzokwakira Musongati Fc isaha icenda 15h00
– Ku kibuga c’Ingoma kiri i Gitega, umugwi Flambeau du centre uzokwakira Kayanza United isaha icenda 15h00
Ku musi wa mbere 12/08/2019 :
-Ku kibuga c’Intwari i Bujumbura, umugwi Burundi Sports Dynamic uzokwakira Bumamuru Fc isaha indwi n’igice 13h30
– Ku kibuga c’Intwari i Bujumbura, umugwi Inter Star uzokwakira Messager Ngozi isaha icumi 16h00
Ku musi wa kabiri 13/08/2019:
– Ku kibuga c’Intwari i Bujumbura, umugwi Athletic Academies uzokwakira Ngozi City isaha indwi n’igice 13h30
– Ku kibuga c’Intwari i Bujumbura, umugwi Buja city uzokwakira LLBS4A isaha icumi 16h00
Ku musi wa gatatu 14/08/2019
– Ku kibuga c’Ingoma i Gitega, umugwi Aigle Noir uzokwakira Les Lierres isaha icenda 15h00
Ku musi wa kane 15/08/2019 :
-Ku kibuga c’intwari i Bujumbura, umugwi Rukinzo Fc uzokwakira Vital’o Fc isaha icenda 15h00.