Entertainmenthomepagekirundiyouth

Arthur Ban abarizwa munzu Lincoln center gukarisha ubwenge

 

 

Arthur Banshayeko, umukinyi akaba anatunganya Impáramíco (Theatre) n’amalelesi azwi kw’izina rya Arthur Ban abarizwa mukigo Lincoln Center kiri i New York muri Leta z’unz’ubumwe za Amerika akaba ari gukarisha ubwenge mu mugāmbi “Lincoln Center Theatre Director’s Lab”.

Yashitseyo kuwa 3/8/2019 akaba azorangiza ivyo vyirwa inyuma y’indwi zitatu.

Ibi vyirwa bihuza abatunganya impáramíco 58 bava mu bihugu 29 vy’impande zose z’isi.

Kubwa Arthur, LCT Director’s Lab ni ishure rikomeye, akaba yemeza ko ari umuserukizi, ijisho n’ugutwi vy’urunani rw’abakorera mu gisata c’împáramíco mu  Burundi.

Avuga ko agarutse mu Burundi azoshikira gusangiza abandi ubwo bumenyi.

Mwomenya ko ikigo Lincoln center ari ikigo gituntanya imparamico , kikaba gifise ingoro ndanga mico y’akarore, ingoro y’ akarorero yubatswe kuri hegitare zitandatu (6 H) Manhattan i New York ku mugabane wa America.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 770