BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Natacha agiye gukorana n’ibihangange vyo muri Afrika

Kubera ibikorwa akora, Natacha ngo yaradugije ibiciro, ubu arazimvye nkuko rya shirahanwe ryabivuze. Nayo ibiteramo ngo yahagaritse.

Inyuma y’abaririmvyi bo muri kano karere bakoranye indirimbo, Natacha ngo agiye gukorana n’ibihangange vyo muri Afrika. Ivyo akaba aheruka kubishikiriza mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru.

Muri ico kiganiro akaba yavuze ko vuba cane hari iyindi ndirimbo azokora, ariko ibiteramo vyo ngo yahagaritse, akazosubira nk’inyuna y’igihe.

Natacha yanavuze ko ubu atagihembwa nkayo yahora ahembwa, ahubwo yigwije 3. Ngo niyo mpamvu bitakunze ko ashobora guhanagarwa na rya shirahamwe, kuko ayo bariko bamwemerera ngo n’abatamvyi biwe batayahembwa.

Ku kibazo c’uko yoba yanka ko hagira uwuzana abaririmvyi bo muri Tanzania, kuko nawe aribo basanzwe azana mu biteramo I Bujumbura, arabihakana. Abo azana ngo nabo baba bakoranye, kandi biba biri muvyo baba bavuganye imbere yuko bakorana.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775