homepagekirundikirundi_Sports

Bamwe mu bakinyi b’intamba mu rugamba batanguye imyimenyerezo

Kuva kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 19 Myangadaro umwaka wa 2019 ku kibuga ca CTN ( Centre Technique National ) kiri mu Ngagara, umumenyereza mukuru w’intamba mu rugamba Alain Olivier Niyungeko yatanguye gukoresha imyimenyerezo abakinyi bamwe bamwe b’intamba mu rugamba bakiri mu karuhuko hano iwacu ndetse n’abandi batararonka imigwi.

Imisi 13 gusa niyo isigaye kugira ngo intamba mu rugamba zitane mu mitwe n’igihugu ca Tanzania n’umugwi Taifa stars mu nkino zo gukurakuranamwo mu ntumbero yo kurondeda itike yo gukina igikombe c’isi c’umwaka wa 2022.

Abakinyi bakoze imyimenyerezo y’uno musi ni:

1) Arakaza Mac Arthur

2) Gaél Duhayindavyi

3)Pierrot Kwizera

4)Shassir Nahimana

5) Rashid Leon

6) Fiaton Abdoulrazzaq

7) Hussein Tchabalala

8) Moussa Omar

9) Ngando Omar

Mukamenya y’uko gushika ubu ko hatarasohoka urutonde nyezina rw’abakinyi b’intamba bazokwifashisha muri urwo rukino ruzobahuza na Taifa Stars yo muri Tanzania.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871