homepagekirundikirundi_Sports

CECAFA U15 Erithée : Intamba zaraye zirahiye Somalia

Mw’ijoro ryo kuri uyu wa Mungu waraye uheze igenekerezo rya 18 Myandagaro umwaka wa 2019 niho umugwi w’intamba mu rugamba w’abatarenza imyaka 15 watana mu mitwe n’umugwi wa Somalia mu rukino rwa kabiri rw’itsinda barimwo.

Intamba mu rugamba zikaba zaraye zitsinze Somalia ibitsindo 2-1.

Ibitsindo vy’abakinyi b’intamba z’abatarenza imyaka 15 bikaba vyatsinzwe na Charlemagne ku munota wa 22 hamwe na Inteyiteka Florien ku munota wa 69 w’urukino.

Mukamenya y’uko mu rukino rwa mbere intamba mu rugamba zatsinze umugwi wa Erithréa ibitsindo 2-1 , ukaba waciye ukwiza amanota 6 mu nkino zibiri umaze gukina.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871