homepagekirundikirundi_Sports

Justin Ndikumana yafashe ikibanza ca kabiri c’umunyegori yavyitwayemwo neza

Ku musi wa Mungu igenekerezo rya 18 Myandagaro umwaka wa 2019 niho mu gihugu ca Kenya hatorwa abakinyi bavyifashemwo neza mw’ihiganwa ryo muri Kenya KPL ry’umwaka wa 2018-2019. Umunyegori w’intamba mu rugamba Justin Ndikumana akaba yarafashe ikibanza ca kabiri c’umunyegori yavyitwayemwo neza mw’ihiganwa ryo muri Kenya KPL ry’umwaka wa 2018-2019 .

Akaba yariko ahiganwa n’abanyegori 6 aho ikibanza ca mbere cafashe uwitwa Farouk shikalo.

Akaba yarahawe agashimwe k’inzahabu kari kumwe b’ibahasha ringana n’amshilingi ibihumbi 150.000 mu marundi ni amadorari y’abanyamerica igihumbi 1500$ ahabwa na Frigo iri mu bwoko bwa LG ifise agaciro k’amadorari y’abanyamerica 650$.

Justin Ndikumana akaba amaze kugurwa n’umugwi wa Bandari Fc wo mu gihugu ca Kenya mu gihe mu mwaka uheze yahora akinira umugwi SOFAPAKA  Fc wo muri ico gihugu.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871