homepagekirundikirundi_Sports

Canal+ igiye guhora yerekana ihiganwa ryo mu Butariyano

Kuri uyu wa kabiri waraye uheze igenekerezo rya 20 Myandagaro umwaka wa 2019 , abatwara imboneshakure rya Canal+ ya hano iwacu baratunganije inama yo gusigurira abanditsi n’abamenyeshamakuru y’uko bagiye kuza barekana n’ihiganwa ryo mu Butariyano bita Serie A nkuko babikora mu bwongereza, Espagne , ubufaransa , Europa league , Champions league , hamwe n’inkino za CAF.

Canal+ ikaba igiye kwerekana izo nkino zo mu Butariyano zikinamwo ibihangange bikomeye nk’umunya Portugal Christiano Ronaldo hamwe n’umusenegalais Kalidou Koulibaly .

Izo nkino zizohora zerekanwa kuwufise Bouquet ya Evasion iri kwi chaine ya Canal+ Sports nayo izotangurira kuri Bouquet Evasion igurwa amafaranga 34.000Rbu kuduga.

Hugues Manirampa asanzwe atwara ivy’ubudandaji muri Canal+ aganira n’abamenyeshamakuru yavuze y’uko ivyo vyose babikoze mu ntumbero yo gufasha abanya Africa bamwe bamwe batabona izo nkino za Series A akaba yasubiye aremerera y’uko kuri izo nkino za Series A hazohora haboneka bamwe mu basesanguzi bakomeye abantu basanzwe bamenyereye.

Kakaba ari akaryo keza ku munyagihugu wese yari asanzwe afise décodeur ya Canal+ atahoera yoroherwa kuraba Series A.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871