homepagekirundikirundi_Sports

Confederation Cup : Rukinzo Fc igiye kwakira Triangle United

Umugwi w’igiporisi c’Uburundi Rukinzo Fc kuri uyu wa gatandu igenekerezo rya 24 Myandagaro umwaka wa 2019 isaha icenda 15h00 ku kibuga c’Intwari uzoba ufise urubanza rudasanzwe aho uzokwakira umugwi wa Triangle United wo mu gihugu ca Zimbabwe mu rukino rwo gusubiriza rwa CAF Confederation Cup.

Abarundi bose bakunda umupira w’amaguru mu Burundi bakaba bahamagariwe gusidukana n’iyonka mu kuza gushigikira umugwi Rukinzo Fc .

Ibiciro vyo kwinjira bikaba bimeze uku gukurikira:

– Ku mpande z’ikibuga : 1000fb

– Mu bwugamwo A na D: 5000fb

– Mu bwugamwo B na C: 10000fb

– Mu bwugamwo bwiteka VIP: 20000fb

Mukamenya y’uko urukino rwo gutangura Triangle United yo muri  Zambiya yanyagiye Rukinzo Fc ibitsindo 5-0.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871