BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Kirikou ngo yavuze B face n’ubwoba bwinshi

Mu majambo Kirikou yakoresheje mu kuvuga B Face ngo harimwo ubwoba, kuko ntiyamudisinze nkuko abandi ba rappeur babikora. 

Girukwishaka Boniface benshi bazi nka B Face yarakebuye umuririmvyi Kirikou ko yamuvuze mu buryo ngo butaribwo, kuko ivyo yakoze atashikanye ku rugero rwiza.

Uwo muririmvyi yavuze ko kuba Kirikou yaramuvuze, ngo ata kibazo kirimwo, kuko ari uburenganzira bwiwe, ariko ngo yari gukora n’ukumudisinga bikwiye.

B face ati :”Kubisanzwe nta kuntu ushobora kuronka visa utagira passport, rero passport urumva iza ubwa mbere. Hama uriya mudogo je ndamutahura, naje ndadisinga abandi, ahubwo yaraneglije kurya siko badisinga abandi, yarashizemwo ikigongwe. Uriko uradisinga umuntu apana ivy’ibigongwe mchane kabisa, je narumvise ko yabikoze umengo aratinya, nabikore nk’umu Rappeur wa vrai.” 

B Face yanongeyeko ko ahimiriza n’abandi bipfuza kumuvuga mu ndirimbo ko ari akaryo keza ko kumuririmba, kuko kanatsinda ngo niwe bakurako iciyumviro c’ukuririmba, Inspiration.

Ivyo akaba abishikirije mu gihe asa n’uwudacana uwaka n’abaririmvyi batandukanye, dufatiye ku ndirimbo zisohoka, naho we avuga ko abo baririmvyi bagenziwe bafitanye ubucuti bwiza.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775