Entertainmenthomepagekirundikirundi_SportsWorld News

Christiano yavuze amajambo akomeye kuri Messi

Kuba Christiano na Messi batakiri kumwe mw’ihiganwa rimwe, Christiano yerekanye ko afise kinini yahomvye.

Christiano aremeza ko hagati yiwe na Messi hari imigenderanire myiza cane, naho batarabasha gusangirira hamwe na rimwe. Ivyo Ronaldo akaba aheruka kubishikiriza aho yahabwa ijambo mu birori vyo gutanga ubushimwe bw’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru ku mugabane wa buraya.

Christiano yemeza ko Messi afise kinini yamumariye mu myaka 15 imaze bahurira mu mahiganwa, kuko muri iyo myaka 9 bamaranye mw’ihiganwa rimwe ngo barahana inguvu.

Christiano yagize ati : “Twasangiye urubuga ikiringo c’imyaka 15. Sinibaza ko vyoba vyarigeze kuba aho abakinyi 2 bamarana iyo myaka ku rubuga rumwe.”

Christiano yanahavuye anaronka akanya ko kumusaba ko bosangira igihe kimwe muri kazoza. Ivyo vyaba mu gihe abo bakinyi 2 b’ibihangange bari bicaranye muri ivyo birori, ibidakunze kuboneka.

Mwokwibuka ko Lionel Messi abarizwa muri Barcelona, mu gihe Christiano nawe abarizwa muri Juventus inyuma y’imyaka itari mike akinira umurwi wa Real Madrid.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 884