homepagekirundikirundi_Sports

Massudi Djuma agiye kumenyereza Bukavu Dawa

Kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 30 Myandagaro umwaka wa 2019 mu gihugu ca Repubirika iharanira demokarasi ya Congo niho umumenyereza w’umurundi Massudi Djuma yashira umukono ku masezerano yo kumenyereza imyaka ibiri umugwi wa Bukavu Dawa usanzwe uri i Bukavu.

Massudi Djuma akaba yari amaze imisi itari mike ata mugwi afise amenyereza inyuma yo gutandukana n’umugwi AS Kigali wo gihugu kibanyi c’urwanda .

Akaba yaramenyereje imigwi itari mike nka Inter Star ya hano iwacu , Rayon Sports yo mu gihugu c’Urwanda , As Kigali amenyereza kandi n’umugwi Simba Sc wo muri Tanzania.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871