BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Yvan Muziki agiye gusohora indirimbo izomerera nabi bamwe

Yvan muziki yavuze ko agiye gusohora indirimbo izomerera nabi abansi b’uyu mwaka wa 2019. Aho ngo ni vuba cane.

Inyuma y’imisi itari mike umuririmvyi Yvan Muziki asa n’uwuri mu gacerere, uwo muririmvyi abarizwa ku mugabane wa buraya avuga ko hari gishasha mu misi ya vuba buca gishirwa ahabona.

Ico gikorwa ntiyabashije kuvuga neza ryari kizoshirwa ahabona, canke uko kizoba citwa, canke uko kizoba kimeze, ico yashikirije nuko yavuze ko kizoba kimeze nk’igisasu. Ivyo abishikiriza ku rubuga rwiwe rwa Facebook.

Muri ubwo butumwa yanditse mu rurimi rw’icongereza yanavuze ko iyo ndirimbo izomerera nabi abansi bose b’uyu mwaka wa 2019.

“That will crush all the enemies of this year 2019,…”

 

Yvan Muziki akaba abishikirije inyuma y’ibibazo aheruka kugira agafungirwa mu gihugu c’Ubuganda, aho vyavuzwe ko yoba yafatanwe ibiyovyabwenge, ariko akaza kurekurwa ata mwanya munini uhaciye.

Mwokwibuka ko akaririmbo ka nyuma k’uwo muririmvyi ari Booboo kasohotse mu kwezi kw’8 mu mwaka wa 2018, ku rubuga rwiwe rwa Youtube kakaba kamaze kurabwa n’abarenga 135.0000

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775