homepagekirundisecurity

Rutana : Abajejwe umutekano bafashe abantu bane bagirizwa kwiba inka 42

Abantu bane bagizwe n’abarundi batatu hamwe n’umutanzaniya umwe nibo bafashwe n’abajejwe umutekano kuri uno wa mbere igenekerezo rya 2 Nyakanga umwaka w’2019 muri zone Kayero komine Mpinga Kayove mu ntara ya Rutana bafise inka 42 bivye.

Ku makuru ashikirizwa n’umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano, gukinga no kugwanya ibiza OPP1 Petero Nkurikiye avuga ko izo nka zafashwe zibwe mu gihugu ca Tanzaniya abazifatanwe akaba ari abantu babiri ariko abagirizwa ubwo busuma ngo ni bane kandi baza bafashwe.

Gsuhika ubu amatohoza yimbitse ajanye n’ubwo busuma bw’inka aza yatanguye gukorwa n’inyamiramanbi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 755