homepagekirundi

Laurette TETERO arasigura neza post yiwe kuri Ray Vanny

Inyuma yo gutsindira ihiganwa rya PRIMUSIC kumyaka 19, ni TETERO yemeza neza ko agiye gushimisha abamutoye kuko bamutoreye kuririmba atari ukuja kuzimira ngo yibagiranwe, aho asaba abarundi n’abarundikazi kumusengera kugira aze agire ibihe vyiza mu buzima bwiwe bwa MUZIKA.

Inyuma y’uko hariko haraba amahiganwa mpuza makungu ahuza abaririmvyi bakomakomeye basanzwe bariko bakora neza hano muri AFRICA  harabonetse ihamagarwa kuja gutora canke guhunda amajwi umuririmvyi yamuka mu gihugu ca TANZANIA ariwe Ray Vanny aho asanzwe ari mw’ihiganwa rya AFRIMA.

Vyaratangaje benshi bivanye n’uko yayanditse agira  ati :

“Bakunzi banje mumfashe dutore uyu mugenzi wanje tumuhunde amajwi”.

Aho bamwe bagira bati : “TETERO ashobora kuba afise collabo na Ray Vanny, abandi ngo “oya yakoze amakosa kuko ntiyari kuduhamagarira umunyamahanga mugihe hari abarundi b’iwacu”

Ari kuri InstaLive, uwo yatsindiye ihiganwa PRIMUSIC 2019 Yagize ati :

“Hari ibinyamakuru vyinshi bifasha kugira inkuru imenyekane nk’uko nanje nabikoze mukwitura ibinyamakuru bitandukanye mukugira ntsinde mw’ihiganwa maze bamfasha PROMOTION, mbe ivyo binyamakuru biriko bikwiragiza inkuru y’uko nari gusaba abakunzi banje canke b’umuziki ngo batore umugwi BEST LIFE MUSIC gute mugihe bonyene baduhamagarira urukundo batigeze berekana urwo rukundo bavuga mugukora post yerekana ihiganwa barimwo nuko tubatora?”

TETERO aho abandanya agira ati: “Jewe nasabwe n’umwe mubantu bakunda ivyabo n’ababo kumufasha  gutora Ray Vanny hama nanje ndabikora n’umutima mwiza kuko kanatsinda nsanzwe ndanamukunda  vyongeyeko ejo canke hirya y’ejo nanje nshobora kumwitura mugukorana indirimbo nawe ugasanga kirya gikorwa nita gito nakoze kiramfashije, kubwivyo ABARUNDI dukunde ivyacu n’abacu  tureke guterana amajambo ataho atugeza.

Abanditse ko nahamagariye abarundi gutora Ray Vanny  aho kubahamagarira gutora BEST LIFE MUSIC bari kubanza ubwabo bakabikora mukutwereka ihiganwa barimwo bakanatwereka uko tubatora hama bakanahamagarira ABARUNDI bose muri rusangi kuza gushigikira ABARUNDI bene wacu kuko abenshi muri twebwe ntitwigeze tumenya ko hari ABARUNDI bari mwihiganwa rikenera amajwi yacu.”

Ivyo bibaye mugihe abarundi isinzi basanzwe bakurikirana umuziki hano mugihugu c’UBURUNDI barindiriye kuraba iyinjira ry’uwo mwana akiri muto  mu muziki canke izimira mu muziki nkabamutanguriye gutsinda muri iryo higanwa risanzwe ritunganywa na BRARUDI.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 755