homepagekirundikirundi_Sports

Kutitwara neza kw’intamba mu rugamba vyoba vyatumwe n’iki?

Kuri uyu wa gatatu waraye uheze kw’igenekerezo rya 04 Nyakanga(09) umwaka wa 2019 , umugwi nserukira gihugu Intamba mu rugamba wari wakiriye uwa Tanzania Taifa Stars mu rukino rwo kurondera itike ryo kw’injira mu matsinda yo gutsindira itike ryo kuja guhiganirwa igikombe c’isi kizobera mu gihugu ca Qatar mu mwaka wa 2022.

Urukino rwaheze banganije igitsindo 1-1, igitsindo c’intamba mu rugamba kikaba cinjijwe na Cedric Ku munota wa 81 w’urukino mugihe ica Tanzania cinjijwe na Simon Msuva Ku munota wa 85 .

Bamwe mu barundi bari bishikikiye kuraba urwo rukino barababajwe n’ukungene abakinyi bacu bavyitwayemwo nabi na cane cane mu gice ca mbere, hagati ntihari hameze neza imipira abakinyi bahana hana ntiyashika, aho n’inyuma yaho kwizera Pierrot akomerekeye Ku munota wa 8 w’urukino agasubirizwa na Gael Duhayindavyi .

Benshi bagata umwikomo ku kumunyegori Nahimana Jonathan bivanye n’ugusohoka nabi kwiwe kwatumye dutsindwa igitsindo mugihe hari hasigaye iminota 9 gusa kugira urukino rurangire .

Ariko naho biri uko ntawota umwikomo Ku mumenyereza w’intamba Alain Olivier Niyungeko kuko umuntu aravye n’abakinyi yakinishije bamwe bamwe urwerwo rwabo ruri hasi bivanye n’ingene ata migwi bafise. Mukamenya ko bigoye cane guhangana n’abakinyi ba Tanzania bobo bariko bakina ihiganwa ryabo bagakina n’inkino za CAF na Confederation Cup.

Mu gice ca kabiri Intamba mu rugamba zarageragaje gukina neza inyuma yaho Alain Olivier Niyungeko yinjirije Mohammed Amissi akagombora Kanakimana Bienvenue, Mohammed Amissi yaje guhindura vyinshi ndetse aranatanga umupira yagiye kubonekamwo igitsindo mbere abamenyeshamakuru akaba ari niwe nawe batoye nk’umukinyi yitwaye neza kurusha abandi mugihe yari yakinye iminota iri munsi ya 30 gusa.

Naho ivyo biruko Intamba mu rugamba ziracafise amahirwe yo kubandanya, zigasabwa kwishira mu mutwe ko zigiye kurondera intsinzi .

Urukino rwo gusubiriza rukaba rwitezwe i Dar es Salaam kuri uyu wa Mungu igenekerezo rya 08 Nyakanga Umwaka wa 2019 Ku kibuga ca Taifa .

Tukaba tubifurije intsinzi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871