homepagekirundikirundi_Sports

Intamba mu rugamba zakoze imyimenyerezo ya nyuma yo kwitegurira Tanzania

Kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 07 Nyakanga umwaka wa 2019, ighe c’isaha icumi 16h mu masaha ya Tanzania niho umugwi nserukira gihugu w’Uburundi intamba mu rugamba wakora imyimenyerezo ya nyuma yo kwitegurira urukino rudasanzwe buca ruwuhuza n’umugwi nserukira gihugu wa Tanzania Taifa Stars mu rukino rwo gusubiriza mu kurondera itike yo gukina igikombe c’isi kizobera mu gihugu ca Qatar mu mwaka wa 2022.

Urwo rukino rukaba rwitezwe kuri uyu wa Mungu igenekerezo rya 08 Nyakanga umwaka wa 2019 , isaha icenda 15h00 ku kibuga ca Taifa kiri mu gisagara ca Dar Es Salaam.

Abakinyi bose bakaba bakomeye kiretse Joel Bacanamwo yari amaze imisi afise akabazo gatoyi ku kuguru kwiwe ariko kuri uno musi yakoze imyimenyerezo n’abandi.

Mukamenya y’uko intamba mu rugamba mu rukino rwo gutangura rwabereye i Bujumbura wanganije na Tanzania igitsindo 1-1.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871