homepagekirundikirundi_Sports

Ndikumana Justin ntagikinye muri zimwe mu nkino za CAF Confederation Cup

Kuri uyu wa gatanu waraye uheze igenekerezo rya 13 Nyakanga umwaka wa 2019 niho hamenyekana amakuru avuga y’uko umenyegori w’intamba mu rugamba Justin Ndikumana akinira umugwi wa Bandari Fc wo mu gihugu ca Kenya atagikinye zimwe mu nkino za CAF Confederation CAF.

Izo nkino za CAF Confederation Cup Justin atemerewe gukina ni inkino za mbere zo gukurakuranamwo n’iza kabiri bivanye n’uko yagiye gushira umukono ku masezerano yo gukinira umugwi Bandari Fc urutonde rw’abakinyi bazokina izo nkino rwamaze kurungikwa muri CAF.

Ku makuru Indundi Sports yaronse ikuye mu mugwi Bandari Fc wo mu gihugu ca Kenya aho Justin asanzwe asamira, n’uko uyo munyegori w’intamba mu rugamba yemerewe gukina inkino zo mu matsinda gusa.

Mukamenye y’uko kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 14 Nyakanga umwaka wa 2019 , umugwi Bandari Fc uza kuba uriko uratana mu mitwe na Us Ben Guerdane wo muri Tunisia mu nkino zo gukurakuranamwo z’igice ca kabiri za CAF Confederation.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871