BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Indirimbo Sorry ya Vichou Love ngo n’inkuru y’ukuri

Vichou Love yagarutse ku ndirimbo Sorry aho avuga iciyumviro iyo cavuye, akavuga ko yayikuye ku nkuru y’ivyabaye ku muntu.

Vichou avuga ko hari Umuntu yitwaye nabi imbere y’umuryango wiwe ngo nuko yamaze kugira ico aronka mu buzima, uwo niwe yabaye intandaro y’ukwandikwa kw’indirimbo Sorry na Vichou Peace and Love.

Vichou abishikirije mu gihe yaheruka kuyisha ahabona haraheze imisi 5 gusa. Muriko akaba agaruka ku nkuru y’umusore yahinduye ibintu vyose yari yahawe n’umuryango yiyita ibindi.

“N’amazina abavyeyi banyise ngeze mu muji narayahinduye, ruguru banyita misigaro, mu gisagara nkitwa Franck, n’inkumi zampaye izina, ngo Lucky si Pesa, kubera Ambiance

Muriyo Vichou yumvikana asaba imbabazi umuryango kuko ubuzima yarimwo ngo bwari ubuzima bw’ububeshi gusa.

“Dady sorry, Mamy Sorry, Family Sorry , I’m Very Sorry”

Mwomenya ko Vichou ari umwe mu baririmvyi bagize imisi bariko bavurwako vyinshi, birimwo gutakaza imidiho bahora bakunzwemwo ngo bajane n’ibigezweho.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775