BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Fortran yoba agiye gukorana akaririmbo na Gentil Misigaro

Ata gihindutse Fortran Bigirimana ariko arakora akaririmbo gashasha, kakaba kariko gakorwa na Aron Nitunga.

Fortran Bigirimana yamenyesheje ko hari igikorwa gishasha ariko arategura muri ino misi. Ivyo akaba aheruka kubishikiriza ku rubuga rwiwe rwa Instagram.

Aho yashikiriza iryo jambo ry’ihumure ku bakunzi b’ibikorwa vyiwe, yajanishije n’ishusho arikumwe n’umuhinyanyuzi Aron Nitunga co kimwe n’umuririmvyi Misigaro Gentil.

Hakaba hataramenyekana nimba bazoba bariko barakorana na Misigaro, canke ari foto isanzwe bifotozanije.

Mukibuka ko Fortran ari umwe mu baririmvyi ndundi bariko barakora neza mu mahanga, ubu indirimbo ziwe cane cane urukurikirane rushasha zikaba zivuzwa mu binyamakuru bikomeye ku mugabane wa Buraya.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775