homepagekirundikirundi_Sports

Etienne Ndayiragije asabwa guhagarika kumenyereza Taifa Stars

Inyuma y’aho umugwi Azam Fc umenyerezwa n’umurundi Etienne Ndayiragije utsindiwe i Dar es salaam ku musi w’Imana igenekerezo rya 15 Nyakanga umwaka w’2019, igitsindo 1-0 n’umugwi wa Triangle United wo mu gihugu ca Zimbambwe mu nkino za CAF Confederation Cup, ishavu riraniga mu bakunzi b’uyo mugwi.

Mu rwandiko abo bakunzi b’umugwi Azam Fc banditse babicishije ku rubuga Facebook Azam Blood Fans bandikiye ubuyobozi bw’uyo mugwi babubaza y’uko Etienne Ndayiragije azoguma amenyereza Azam Fc canke azobandanya aba umumenyereza w’umugwi nserukira gihugu wa Tanzania Taifa Stars kuko ngo nibo baguma bababara.

Baka bagize ati :

“Uburongozi bwa Azam Fc turasavye y’uko mwotubariza Etienne Ndayiragije y’uko ari umumenyereza wa Azam Fc canke muvuge ikintu kimwe y’uko azoba umumenyereza w’umugwi nserukira gihugu wa Tanzania Taifa Stars tubimenye kuko ni twebwe tuguma tubabara. Umwanya mwinshi awuha Umugwi nserukira gihugu wa Tanzania Taifa Stars agaca ananirwa no gupanga abakinyi mu kibuga . Nkubu mu ndwi zibiri Azam Fc itegerezwa kwerekeza muri Zimbambwe gukina urukino rwo gusuburiza na Tiangle United mu gihe muri iyi misi nyene ategerezwa kuba ari kumwe na Taifa Stars mu nkino zo kurondera itike yo gukina igikombe ca CHAN kizobera muri Cameroun mu mwaka w’2020”.

Bakaba barangije basaba uburongozi bw’umugwi Azam Fc guhagarika Ndayiragije Etienne mu mugwi wa Taifa Stars kugira aronke umwanya wo gutegura abakinyi biwe bikwiye.

Mwomenya ko Etienne Ndayiragije ari umwe mu bamenyereza b’abarundi akundwa cane n’abatanzaniya bivanye n’ingene yama yitwara mu migwi yose yama acamwo muri ico gihugu.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871