homepagekirundikirundi_Sports

Wari uzi ko naho intamba zari gutsinda Tanzania ataho zari gushika?

“Naho twari gutsinda Tanzania sinibaza y’uko twari gushika kure uravye n’uburyo tuba turiko turakoresha “.

Ivyo ni ibiherutse gushikirizwa n’umukuru w’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi, Honorable Reveriyano Ndikuriyo aho yari aramutse atanga ikiganiro ku banditse n’abamenyeshamakuru, hari kuri uyu w’Imana uheze, igenekerezo rya 15 Nyakanga 2019.

Honorable Reveriyano Ndikuriyo yamenyesheje ko intumbero yiwe ari ugushikana Uburundi mu gikombe c’isi c’umwaka wa 2026 kuko ariho abona ko bazoba bamaze kwisununura n’ubwo ngo hari abashaka ko binyaruka. Yongeye kandi amenyesha ko naho Uburundi bwari kubandanya bugatsinda Tanzania atibaza y’uko bwari gushika kure uravye n’uburyo bukoreshwa.

Akaba yagize ati :

” Twe turakeneye CAN 2021 niyo ntumbero yacu ivya coupe du monde murazi neza y’uko nari nababwiye y’uko yamara ndavye Uburundi nkaraba ingene umupira umeze turabona y’uko 2026 dushobora gutangura kwisununura ivyo twari twabivuze kuva kera n’uko hariho abakeneye ko binyaruka mugabo twari twamaze kuvuga y’uko uriko uraraba programa ibi vyo kuzana umusezero wa kijambere mu gihugu, izi promotions ziba z’abakinyi ba hano iwacu bama bagenda gukina hanze twarabonye y’uko 2026 natwe twari kuraramwo”.

Akaba yasavye n’abamenyeshamakuru kubanza gukundisha umugwi abenegihugu ntibawirandishe atanga akarero kuri Simba Sc ya Tanzania naho yotsindwa imbere y’abarorerezi bawo itigera yihebura.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871