homepagekirundikirundi_Sports

Intamba U20 zirahiye Somalia ibitsindo 2-1

Kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 23 Nyakanga umwaka wa 2019, niho umugwi nserukira gihugu w’intamba mu rugamba z’abatarenza imyaka 20 wakina urukino rwa kabiri rwa CECAFA U20 iriko ibera mu Buganda rwabahuje na Somalia, urukino rukaba rwarangiye intamba U20 zirahiye Somalia ibitsindo 2-1.

Igitsindo ca mbere c’intamba mu rugamba kikaba catsinzwe na Hamimu Hakizimana ku munota wa 40 nayo ica kabiri gitsindwa na Louis Romeo Nduwimana ku munota wa 56 w’urukino.

Intamba U20 zikaba zaciye zikwiza amanota 4 mu nkino zibiri kuko mu rukino rwa mbere zanganije na Sudani ibitsindo 3-3.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871