homepagekirundikirundi_Sports

Kwizera Pierrot agiye gukinira As Kigali

Kuri uyu wa mbere waraye uheze igenekerezo rya 23 Nyakanga umwaka w’2019 , mu gihugu c’Urwanda niho umukinyi wo hagati w’intamba mu rugamba Kwizera Pierrot yashira umukono ku masezerano yo gukinira umugwi As Kigali mu kiringo kingana n’imyaka ibiri.

Ivyo bikaba bije inyuma yokwanka kumvikana n’umugwi Rayon Sports yigeze gukinira mu myaka iheze aho bamwe mu batwara uyo mugwi bipfuza ko agaruka abandi bakanka bakavuga y’uko yavuye muri uyo mugwi awuvuga nabi ivyaciye biha amahirwe As Kigali kumtahukana.

Mwomenya y’uko Pierrot Kwizera mu mwaka uheze yahora akinira umugwi Al Orouba wo mu cicaro ca mbere mu gihugu ca Oman.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871