homepagekirundikirundi_Sports

Moussa Omar yaguzwe muri Police Fc

Inyuma yo kumara imisi itari mike ata mugwi afise kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 30 Nyakanga umwanka wa 2019 , Moussa Omar asanzwe akina inyuma mu mugwi nserukira gihugu w’Intamba mu rugamba yaguzwe mu mugwi Police Fc wo mu gihugu c’Urwanda, akaba yashize umukono ku masezerano yo gukinira uwo mugwi mu kiringo kingana n’imyaka ibiri.

Moussa Omar mu mwaka uheze yahora akina mu mugwi Sofapaka Fc yo mu gihugu ca Kenya, akaba agiye mu mugwi Police Fc ahasanze abandi bakinyi b’abarundi nka Ndoriyobija Eric , Hakizimana Issa Vidic , Kevin Pastore , Magloire , Nimubona Emery Kadogo , Issufu Lule tutibagiye n’umumenyereza w’umurundi ariwe Haringingo Francis Mbaya .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871