homepagekirundikirundi_Sports

Ukuri kuvyaraye bibaye mu rukino rwa Messager Ngozi hamwe na Aigle Noir

Kuri uyu wa Mungu waraye uheze igenekerezo rya 29 Nyakanga umwaka wa 2019, ihiganwa rya Primus ligue ryarabandanije ku ndwi igira umunani, urukino rwari rwitezwe n’abantu benshi ni urwahuje umugwi Messeger Ngozi hamwe na Aigle Noir rwabereye i Ngozi, urwo rukino rukaba rwararangiye Messager Ngozi itsinze Aigle Noir igitsindo 1-0 igitsindo cinjijwe na Iddy Museremu ku munota wa 86 w’urukino.

Ku makuru twaronse kuri mugenzi wacu akorera kw’insamirizi Buja FM Dorcas yari yahishikiye mu gisagara ca Ngozi yabwiye bagenzi bacu Amidou Hassan hamwe na Elvis Iradukunda bariko bakora ikiganiro B sports gikunda kuba imisi yose isaha 11h gushika isaha 14h y’uko imvururu zatanguriye ku munota 90 aho umukinyi Pavin wa Messager Ngozi yari yagize ikibazo ca crampe ararwa hasi hama umuhagarikizi wo hagati Djaffar Nduwimana aca arafata ingingo yo guhagarika urukino aja kuraba uyo mukinyi, niho abakinyi ba Aigle Noir nka Jospin hamwe na Jardin baciye biruka kuja kumuhagurutsa kuko babona y’uko ashobora kuba ariko aratakaza umwanya niho umuhagarikizi yaca ababuza umukinyi abona kuvugwa.

Mu nyuma umukinyi baramushize hanze, abakinyi ba Aigle Noir babona y’uko bariko bakoresha ishavu rirenze , urukino rwarabandanije bongera iminota itatu hasigaye nk’amasegonde kugira urukino rurangire, umukinyi Ibrahim Karikera yakoreye ikosa umukinyi wa Aigle Noir ryatumye amuhonyora atabishaka niho umuhagarikizi Djaffar guca arangiza urukino ivyashafuje abakinyi ba Aigle Noir kuko bari biteze y’uko iryo kosa ryari hafi y’igori rya Messager Ngozi ryari gutuma bagombora ico gitsindo.

Inyuma y’aho Jaffar arangirije urukino, umunyegori w’umugwi Aigle Noir Ndizeye Aime Fales yaciye ava mw’igori yirukanga kumuhagarikizi wo kuruhande ashaka gukubita abakinyi ba Messager Ngozi kuko Fales wewe yari yavuze y’uko naho urukino ruza kuba rwarangiye, ngo umukinyi Karikera Ibrahim ataza kumusiga ariko umuhagarikizi wo kuruhande yaciye ahabera magabo afata Fales kugira ntakubite uyo mukinyi.

Inyuma yaho abakinyi ba Aigle Noir bari kuruhande rwo kugombora baciye baja kugwana n’abakinyi ba Messager Ngozi naho ata mugere bateranye canke ingumu icakozwe barasunurana gusa niho abaporisi baca baza ku bwinshi batangura kubanguranya abo bakinyi.

Abakunzi b’umugwi wa Messager Ngozi nabo baciye batangura gutera amajambo abakinyi ba Aigle Noir babatuka y’uko ata ndero bafise ari nayo mpamvu batsinzwe niho abakinyi b’uyo mugwi guca bafata amacupa y’amazi yari ngaho batangura guterana ayo macupa ku mpande zoseDorcas akaba yabeshuje amakuru avuga y’uko abakinyi ba Aigle Noir boba baragiye gukubita abaporisi ngo ni ububeshi kuko niho yari yibereye gusa umukinyi Youssuf Nyange niwe ngo yahatswe gukubita umuporisi maze umumenyereza wiwe Joslin Bipfubusa araba magabo aca afata uyo umukinyi kugira ntatere ibindi bibazo.

Mukamenya y’uko ivyo vyose vyabaye imbere y’uwusanzwe atwara ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB Honorable Reveriyano Ndikuriyo.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871