homepagekirundikirundi_Sports

Impamvu iriko iratuma Fiston Abdoulrazzaq ataboneka mu kibuga

Umukinyi w’umusatirizi w’intamba mu rugamba Fiston Abdoulrazzaq ntarakina urukino na rumwe kuva aho aguriwe mu gihugu ca Egiputa.

Intandaro iriko ituma uyo mukinyi ataboneka mu kibuga mu mugwi wiwe mushasha ENPPI n’uko hari urupapuro rumwe umugwi JS Kabylie wanse gutanga gushika igihe urubaza ruzocirirwa.

Fiston Abdoulrazzaq akaba yaramaze gushira umukono ku masezerano yo gukinira umugwi ENPPI mu kiringo c’imyaka 3.

Mukamenya y’uko ukudahabwa agaciro no kuba adahabwa umushahara wiwe ko arivyo vyatumye Fiston Abdoulrazzaq ahagarika amasezerano n’umugwi wa Js Kabylie no kuja kwiyunga na ENPPI mu nyuma yaho umugwi Js Kabylie warasubiriye uramuhamagara kugira urabe ko bokwumvikana bamuha n’ikiringo yoshikirako muri uyo mugwi ariko uyo mukinyi aranka yigumira i Bujumbura, ivyatumye uyo mugwi nawo nyene umwitwarira muri FIFA.

Yaba Fiston Abdoulrazzaq canke Js Kabylie bose baritwaraniye mw’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru kw’isi FIFA urubaza rukaba rugiye gucibwa mu ndwi iza.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871