BurundiEntertainmenthomepagekirundimusicpromoted

Umuriro wasubiriye kwaka hagati ya Sat-b na Big Fizzo

Agahengwe kari mu mubano wa Sat-b na Big Fizzo muri kino gihe, gasa n’akatosekaye kubera amajambo yavugiwe mu kiganiro Sat-b yahaye Wasafi FM.

Mu gihe hasa n’ahagize igihe agahengwe hagati ya Sat-b na Fariouz, bakanifotozanya rimwe na rimwe mu biteramo, muri uwo mubano hasubiriye kuzamwo akabazo.

Mu kiganiro Sat-b aheruka gutanga Ku mboneshakure ya Wasafi TV na Wasafi Fm, yaranse kuvuga uwo muririmvyi mugenziwe Big Fizzo, ari no mu bamuboneye izuba. Igituma kikaba gishobora kuba ari ifaranga.

Uwo muririmvyi w’akaririmbo gashasha Don’t Cry yaririmbanye na ASlay wo muri Tanzania nyene, bakaba bamubajije abaririmvyi ba hano iwacu bafise ikimenyetso Instagram itanga cerekana ko ariwe nyene akoresha urwo rubuga, ntiyashima kugira numwe avuga ariko yemeza ko bahari.

Mubo yanse kudomako urutoke, harimwo Big Fizzo uwo basanzwe basa n’abatarabana ryiza kubera ukugwanira ikibanza gikomeye mu muziki. Bimwe muvyo twabashije kubona, nuko abatari bake babona ko yarakwiye kumuvuga akamuha ikibanza ciwe, kuko ngo ico ari kimwe muvyotuma nawe ashika kure.

Ico kibazo kikaba cabajijwe inyuma yaho amenyeshereje ko igituma Instagram yiwe itagira abantu benshi (Followers) co kimwe n’abagira ico bashikirije(Comments) kuri urwo rubuga rwiwe cane ngo aruko hano iwacu Instagram idakunzwe cane, ahubwo ari Facebook, ico bamwe bamiriye kure.

Ico kiganiro yakoze kikaba cabaye intandaro y’abatari bake kugira vyinshi bavuze ku mubano w’abaririmvyi ndundi, abatari bake bakaba babona ko ugushigikirana mu gihe umwe ariko aserukira igihugu ari ngombwa, ngo ivyo bapfa bakabanza kubishira Ku ruhande.

Mukibuka ko uwo muririmvyi ari muri ico gihugu ca Tanzania haraheze imisi. Ubu akaba ariko azunguruka mu nsamirizi zitandukanye zaho, ariko amenyekanisha ako karirimbo kiwe gashasha. Nako kakaba kariko karababa abantu 100,000 bamaze kukaraba Ku murongo wa YouTube mu kiringo c’imisi hafi 14 gusa.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775