BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

R Flow yafashanije na B face na Bamso mu karirimbo gashasha

Inyindi ndirimbo ya R flow ishobora kuzosohoka kuri uyu wa mungu, akaba azoyikorana n’uwo bahorana muri The Cousin, Bamso, hamwe na B Face.

Inyuma y’akaririmbo Love yasohoye mu mpera z’ukwezi kw’8 uyu mwaka, Riche ngo agiye gushira ahabona akandi karirimbo gashasha, ako karirimbo akaba yagahaye akazina ka Mungu mbele.

Naho tutarabasha kumenya neza ikirimwo, ariko haramaze kumenyekana ko kazoshirwa ahabona kuri uyu wa mungu. Kandi twarabashije kumenya ko ako karirimbo kakozwe aho yari hano iwacu imbere yuko asubira kwisumamwo I Kigali mu Rwanda.

Ako karirimbo Riche akaba atakaririmvye wenyene, kuko yakoranye na Bamso bahoranye muri The Cousin co kimwe na B Face, asanzwe yifashe neza muri kino gihe mu mudiho asanzwe akora wa HipHop.

Ayandi makuru twaronse bikigoye kwemeza nuko uwo muririmvyi ashobora kuba ariko arategura gushira ahabona amasanamu y’indirimbo Umusaraba w’Urukundo, canke uwo nyene akaba ariko ategura kuyafata, bamwe mu bahinyanyuzi b’amasanamu bakomeye ba hano iwacu bakaba bavuga ko bayirindiranye igishika cinshi.

Mwokwibuka ko R flow ari umwe mu baririmvyi ba hano iwacu bashira ahabona amasanamu make cane, uretse ayo aba yakoranye na bagenziwe.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775