homepagekirundikirundi_Sports

Iri niryo banga Robert yakoresheje kugira anganye na Vital’o Fc

Inyuma y’ukunganya igitsindo 1-1 n’umugwi Vital’O fc mu rukino rwa Primus ligue rw’indwi ya 10 rwaraye rubereye ku kibuga c’intwari kiri i Bujumbura kuri uyu w’Imana waraye uheze igenekerezo rya 13 Gitugutu umwaka wa 2019 , Bimenyimana Robert umumenyereza w’umugwi Inter Star yahavuye atanga ikiyago ku banditsi n’abamenyeshamakuru aratanga ibanga yakoresheje kugira anganye n’umukeba wabo Vital’o Fc.

Akaba yagize ati : “Jewe icambere umuntu wese duhura nawe nama ndamwubaha Vital’o n’umugwi atari uwo guta mundasa nibaza y’uko ibibaye vyose mu mupira w’amaguru urabishima ibi nivyo Imana yari yateguye urukino naruteguye kurya nama ntegura izindi n’imyimenyerezo kuva kuwa mbere gushika kuwa gatanu niko nayiteguye”.

Abajijwe ibanga yakoresheje kugira ashobore kunganya n’umugwi Vital’o Fc mu misi iheze vyaboneka y’uko ari umugwi uteye ubwoba na cane cane ku bakinyi babo bo hagati, akaba yishuye ati :

“Jewe nibaza y’uko ihangiro nakoze nkiri umukinyi w’inyuma igihe nari ngikina nari umukinyi w’inyuma hama nama nkomeye cane mu kuzibira ni navyo nakoreyeko cane kuko ndazi y’uko abakinyi ba Vital’o ni abakerebutsi biteye ubwoba nivyo bintu vyambere nakoresheje abakinyi banje”.

Kunganya kwa Inter Star na Vital’o Fc kwatumye uyo mugwi ufata ikibanza ca 14 n’amanota 8

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871