homepagekirundikirundi_Sports

Tennis : Sada Nahimana yatwaye agashimwe k’ihiganwa rya ITF Word tour

Ku musi w’Imana igenekerezo rya 13 Gitugutu umwaka wa 2019 muri Lagos mu gihugu ca Nigeria niho hari haba urukino rwa nyuma (Final) rw’ihiganwa rya Tennis ry’abakobwa ryitwa ITF Word Cup tour ry’isi yose .

Umurundikazi w’imyaka 18 Nahimana Sada niwe yaraye atwaye ako gashimwe abanje gutsinda umunya Brésil yitwa Laura Pigossi amaze gutwara amahiganwa nkayo agera kuri (4).

Sada Nahimana akaba yarashoboye kumutsinda iseti zitatu ku busa ( 2-6) ( 6-4) , ( 6-3) bica bituma atwara iryo higanwa ryo kurwerwo rw’isi (ITF Word Tour).

Uyo murundikazi ntiyigeze aha umwanya uwo bahiganwa kugira amurushe naho Pigossi kw’iseti ya gatatu yashoboye gukora ibishoboka vyose kugira amurushe gushika aho banganya amanota 3-3 ariko birangira Sada amutsinze.

Sada na Pigossi ntibigeze batsindwa n’iseti n’imwe mu rugendo rwabo rugana Final nkuko vyavuzwe n’ishirahamwe rya Tennis muri Nigeria.

Akaba yaciye aba umunya Afurika wa mbere kuva mu mwaka wa 2007 atsinze iryo rushanwa rya Lagos mu bakobwa bakina umwe ku giti ciwe.

Wari umunezero udasanzwe kuri uyo murundikazi kuko igihe cose yakina inkino zanyuma (Final) ziryo higanwa rya ITF word Tour yaguma azitsindwa.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871