homepagekirundikirundi_Sports

Youndé ati : “Inter star baze bame bakina neza imisi yose atari kuri Vital’o Fc gusa

Inyuma yo kunganya igitsindo 1-1 n’umugwi inter Star kuri uyu wa Mungu uheze igenekerezo rya 13 Gitugutu umwaka wa 2019 ku kibuga c’intwari mu urukino rw’indwi ya 10 ya Primus ligue, umumenyereza w’umugwi wa Vital’o Fc Kanyenkore Gilbert Yaoundé mu kiganiro yahaye abanditsi n’abamenyeshamakuru inyuma y’urwo rukino yasavye umugwi Inter Star kuzokwigira inama nayo ikazohora yama ikina inkino zose nkuko bakinye na Vital’o kuko urukino si Vital’o Fc gusa.

Akaba yagize ati ” Urukino rwari rwiza cane ku mpande zose Inter Star n’ukwigira inama nabo bakaza barakina inkino zose nk’uko bakinye uno musi urukino si Vital’o Fc gusa mugabo biranezereje kubona Inter Star ivyuka ifise umugwi mwiza babandanije kurya umupira wo ngaha wokomera kandi nka kera kuko imisore myinshi ikina neza, vyose rero vyakozwe n’Imana twese twemera Imana na barya barorerezi bose usanga basaba Imana bisugura y’uko Imana itashatse gushavuza abantu urabona abantu bari ngaha ba Inter Star n’aba Vital’o Fc ni benshi”.

Abajijwe impamvu yatumye abakinyi biwe bo bahati batitwara neza Yaoundé akaba yemeje y’uko yamizwe n’abakinyi bo hagati b’umugwi Inter Star naho ariko sicane kuko bose banganije amanota n’ibitsindo.

Yaounde ati” Nk’uko umumenyeshamakuru umwe muri mwebwe yari yabivuze ego kabisa nivyo batumize hagati ariko si cane kuko twese twanganije amanota n’ibitsindo”.

Urwo rukino rukaba ari urukino rugira kabiri rwikurikiranije umugwi Vital’O Fc unganije inyuma yo kunganya na Aigle Noir The Fighter 0-0

Vital’o Fc ikaba yaciye ifata ikibanza ca 5 n’amanota 16 mu nkino 9 ukaba usigaje urukino rumwe rw’ikirarane.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871