DevelopmentDonard Trumphomepagekirundipolitics

Ikibazo c’aho igisagara ca Bujumbura kigarukira kiraraje ishinga abatari bake

 

Kuri uyu wa gatatu waraye uheze igenekerezo rya 16 Gitugutu umwaka w’2019, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Pascal Barandagiye yari umutumire mu nama nshingamateka kugira yishure ibibazo vy’abatowe n’abanyagihugu.

Umushingamateka Zénon avuka mu ntara ya Bujumbura yavuze ko bitumvikana ko igisagara ca Bujumbura kibandanya cihagira ibice bitari bike vy’intara ya Bujumbura. Aha agatanga uburorera bwa Ruziba yari zone ya komine kabezi hamwe na Sororezo yahavuye ikwegerwa ku gisagara c’ubutunzi kandi atategeko na rimwe ryisunzwe, ikindi yavuze kitumvikana nuko ahabonetse inzu nziza hose haca haja ku gisagara ca Bujumbura hagakurwa ku ntara yabo.

Umushingamateka akaba n’icegera ca mbere c’umukuru w’inamanshingamateka Agathon Rwasa wewe asanga vyose bifise inkomoko mu bihe bibi igihugu cagiye kiracamwo kugira habeho intara ya Bujumbura yahavuye yitwa rural n’igisagara ca Bujumbura atanga akarorero ko no mu Rwanda ariko vyagenze aho mu ntara ya kigali hahavuye habamwo igisagara ca Kigali kugira batandukanye ico gisagara n’ikindi gice gisigaye bahavuye bacita Kigali-ngali.

Umushikiranganji Pascal Barandagiye yabwiye abashingamateka ko inyishu iramba kubijanye no kwerekana urubibe hagati y’intara ya Bujumbura n’igisagara ca Bujumbura ari ikintu cihutirwa. Uwo mushikiranganji yavuze ko integuro y’itegeko rishiraho urubibe ryamaze kurungikirwa icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu n’umunyamabanga mukuru wa Reta kugira rije ku rutonde rw’ibizokwigwa mu nama nshikiranganji.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 760