homepagekirundikirundi_Sports

Etienne Ndayiragije ntakibarizwa muri Azam Fc

Inyuma y’aho umugwi nserukira gihugu wa Tanzania w’abakinyi bakina iwabo utsindiye umugwi nserukira gihu wa Sudan mu rukino rwo gusubiriza rwa CHAN rwabaye mu mpera z’indwi iheze ubifashijwe n’umenyereza w’umurundi ariwe Ndayiragije Etienne kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 22 Gitugutu umwaka wa 2019 , Etienne Ndayieagije ntakibarizwa mu mugwi Azam Fc yari agifitaniye amasezerano nawo.

Impamvu yatunye atandukanya na Azam Fc n’uko ishirahamwe ritwara umupira w’amaguru muri Tanzania TFF ryamaze kumenyesha y’uko rigiye guha amasezerano uyo murundi Etienne Ndayiragije ndetse rinasaba umugwi Azam Fc y’uko ryorekura uyo mumenyereza akaza kumenyereza umugwi nserukira gihugu wa Tanzania .

Azam Fc ikaba yemeza iyo nkuru mbere ikaba yagarukanye uwigeze kuba umumenyereza wayo wo mu myaka iheze akaba ari umunya Romania azi kwizina rya Aristica Cioaba .

Etienne Ndayiragije akaba yashikanye umugwi wa Tanzania mu nkino zo mu matsinda ryo kurondera itike yo gukina igikombe c’isi yose c’umwaka wa 2022 aho yabanje gukura umugwi nserukira gihugu w’intamba mu rugamba ndetse aranahesha itike yo kuja muri CHAN 2020 ico gihugu ca Tanzania.

Yaraciye mu migwi ya hano iwacu nka Vital’O Fc , Les guepier du lac , LLBS4A muri Tanzania akaba yaramenyereje umugwi Mbao Fc , Kmc Fc , Azam Fc yamaze gusezerera muri kino gihe akaba agiye guhabwa amasezerano yo kumenyereza umugwi wa Tanzania yari amaze imisi awumenyereza vy’imfata kibanza.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871