homepagekirundikirundi_Sports

Uko abakinyi b’abarundi bakina hanze bigenjeje mu migwi yabo

Mu mpera z’indwi iheze amahiganwa yo mu bindi bihugu yarabandanije, tukaba tugiye kuza turabashikiriza ukungene abakinyi b’abarundi bakina hanze y’igihugu bazoba bitwara mu migwi yabo .

Dutanguriye mw’ihiganwa ryo mu cicaro cambere muri Kenya KPL (Kenya Premier League), n’uko :

– Umugwi Bandari Fc ukinamwo umunyegori w’intamba mu rugamba Justin Ndikumana washoboye gutsinda impaga ( Forfait)

– Ac Leopard ikinamwo Tresor Ndikumana wahuye na Western Stima urukino rurangira iyo migwi yompi inganije igitsindo 1-1 , uyo Mukinyi akaba yarakinye urukino rwose akaba ari umwe mu bakinyi ushobora gukinisha ahariho hose kandi akahakina.

Mw’ihiganwa ryo mu cicaro ca mbere muri Mozambique :

– Umugwi Costa de Sol ukinamwo Umurundi Nzeyimana Djuma batazira Johany washoboye gutsinda Umugwi wa Vilankulo Fc ibitsindo 2-1 uyo murundi akaba yarakinye urukino rwose .

Mw’ihiganwa ryo mu cicaro cambere muri Zambia :

Hasanzwe hakina abakinyi b’abarundi bashika kuri 5.

Dufanguye kuri Zesco United ikinamwo abarundi babiri aribo Ntibahezwa Dieudonné benshi bazi kw’izina rya Hezwa hamwe na NSabumukama Enock umugwi wabo wabo wavyitayemwo neza utsinnda ibitsindo 3-1. Muri urwo rukino Dieudonné akaba yakinye urwo rukino rwose mugihe Enock yinjiye mu gice ca kabiri c’rwo rukino

– Umugwi Buildcon ukinamwo umukinyi w’inyuma w’intamba mu rugamba Nshimirimana David watsinzwe ibitsindo 2-0 n’umugwi wa Nakambala Fc , uyo mukinyi yakinye urukino rwose nk’uko vyama akaba ari n’icegera ca kizigeza w’uyo mugwi.

– Napsa Star ukinamwo umusatirizi w’Intamba mu rugamba Mavugo Laudit waranganije n’umugwi wa Green Eagles igitsindo 1-1 , Mavugo akaba yaratanguye mu kibuga asubirizwa ku munota wa 55 w’urukino.

Mw’ihiganwa ryo mu cicaro ca mbere muri Arabie Saudite :

– Umugwi Al Taawoun Ukinamwo Umukinyi w’umusatirizi w’intamba mu rugamba ntiworohewe kuko watsinzwe na Al ahli ibitsindo 3-1 , uyo mukinyi akaba yarakinye urukino rwose .

Mw’ihiganwa ryo mu cicaro ca mbere muri Lituanie :

Umugwi Atlantas ukinamwo Umukinyi w’intamba mu rugamba arise Bimenyimana Caleb waranganije igitsindo 1-1 n’Umugwi wa Paneve ubifashijwemo n’uyo musatirizi w’umurundi ivyatumye akwiza ibitsindo 2 mu nkino 2

Mw’ihiganwa ryo mu Bubirigi Jupiler pro :

– Umugwi wa Zulte Weregem ukinamwo Kizigenza w’intamba mu rugamba Saido Berahino watsinzwe na Courtrai Fc ibitsindo 2 Berahino akaba yarakinye Igice ca mbere gusa kuko Ku munota wa 35 yarahawe ikarata itukura abona gusohoka mu kibuga .

Mw’ihiganwa ryo mu gihugu ca Portugal :

-Umugwi wo mu cicaro cakabiri Varzim Fc ukinamwo Umukinyi w’intamba mu rugamba Nduwarugira Christophe Lucio watsinze Umugwi wa Estoril Fc igitsindo 1-0 , uyo mukinyi akaba yarakinye urukino rwose .

Mu cicaro ca gatatu umugwi wa Branganca Fc ukinamwo umukinyi w’umusatirizi w’umurundi Abbas Nshimirimana watsinzwe n’umugwi perdas Igitsindo 1-0 , Abbas Akaba yarakinye urwo rukino rwose.

Mw’ihiganwa ryo mu cicaro ca B muri America :

Umugwi Atlanta United B ukinamwo umusatirizi w’intamba mu rugamba watsinzwe n’umugwi wa Nashville ibitsindo 3-0, Bienvenue akaba yarakinye urwo rukino rwose.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871