Abakokayi batatu bakorera ku bituro vy’imiduga i Buta no mu Kivuruga muri komine n’intara ya Bururi baridegemvya kuva kuri uyu wa mbere, inyuma y’indwi hafi bapfungiwe mu gasho k’igipolisi i Bururi.
Buramatari w’intara ya Bururi yafashe iyo ngingo ibatezurira abategeka kuba barahagaritse ibikorwa vyabo kugeza uwubaserukira ku rwego rw’igihugu yishikiye i Bururi kugira ngo yigire hamwe n’intwaro ingene ico gikorwa corangurwa neza.
Abo bakokayi bakaba bari bafashwe bagirizwa kugarariza ku ngingo y’intwaro ibahagarika muri ivyo bikorwa vyabo,naho ivyo bagirizwa bo batavyemera.