Burundihomepagekirundipersonal developmentSpirituality and progressUrwevuyouth

#Urwevu| Ukaba udafise “Vision” uriko urihomvya vyinshi.

ku nzira ija ku masonga nti rwitaha. Ni intambara

Muntu wese uko ungana kwose, waba urwaruka canke uwisumbuye, umenye ko ukaba uriko ubaho udafise ihangiro c’ivyo wifuza kuba warashitseko mu myaka hagati ya 7 canke 10 uriko urigirira nabi cane. Ibi vyiyumviro twegeranya dukuye mu bitabo, tubibashikiriza kubera bimwe na bimwe natwe twabishize mu ngiro maze tukaba turiko turabona ko ari ivy”ukuri.

Ikintu ca mbere ni utangure wihe vision y’amafaranga uzoba ufise mu myaka hagati ya 7 na 10. Hama rero buri musi uze urafata akanya nk’iminota 30 maze wiyibutsa iyo sanamu, wibona uko uzoba umeze, uko uzoba wubahitse, uko uzoba ungana, impuzu uzoba wambara, wumve na parfum uzoba wisiga uko izoba imota, imodoka uzoba ugenderamwo , urugo rwawe uko ruzoba rumeze n’ibindi n’ibindi.

Ndakumenye ko jewe maze kubikwirikiza kandi maze kubona ko ari vyo. Mu gihe subconscient yawe imaze kuvyemera uca usanga ibintu vyose muhura navyo biriko birakujanayo mu kinyempore. Birafata akanya yamara biruhira kuba mu kiringo ugumijeko kuko ni idwano ya misi yose.

Ugasanga uwu mwaka ugiye guhera utari bwabigire, nyaragasa ubitangure. Naho woba uri umwarimu uwu musi, ntibibujijwe ko wibona nk’umu dandaza akomeye mu myaka 10. Ugafata iyo ngingo biroroshe. Ca urondera ibitabo vyigisha ukudandaza( nka the Psychology of selling canditswe n’uwitwa Brian Tracy canke n’ibindi hanyuma maze wihe indero y’ukwama wiha isaha canke amasaha abiri ku musi kugira wige , ubuhinga bunyuranye burimwo bw’ukudandaza.

Burya bwenge bwose wakoreshejeje mu gufata mu mutwe amazina y’inzuzi n’imisozi vyo muri America vyaguhaye uwo mushahara w’ukwigisha Géographie. Ca urwevu rero ukoreshe ubwo bwenge nyene ubu hoho urondere kuzoba uri umu professionnel muri business mu myaka iri imbere. UBU IMBIBE Z’UBURUNDI ZARAGUTSE KUBERA EAST AFRICAN COMMUNITY. Nta motif y’uko wohereza mu bwarimu hiyo i wacu mu Kinyinya  kuko vyoca bisa nk’uko umengo mu mutwe hagiyeyo uruzitiro rukuboheye muri ivyo wize gusa. Ni wiyigishe, soma ibitabo, rondera kuri internet ” comment faire les affaires ?) mpaka uze utebe uronke umuco ukwiye.

WIBUKE!  NTA SHURE NIMWE TWIGEZE TWIGWA RITWIGISHA UKO TURI BURONDERE AMAFARANGA.

KANDI NDAKWINGINZE UZE UGURE IGITABO CITWA ” THINK AND GROW RICH” Canditswe n’uwitwa Napoleon Hill, hanyuma wihe indero y’ukwama usome buhoro buhoro mpaka utahure philosophia irimwo. Ntituzotera imbere nk’abandi tutabanje kugira nk’ivyo bagize mbere tweho tukanarushiriza.

CE URWEVU!

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 765