homepagekirundikirundi_Sports

Ulimwengu Jules agiye guhembwa amahera y’akataraboneka m’Ubushinwa

Umukinyi w’umusatirizi w’intamba mu rugamba Ulimwengu Jules yari asanzwe akinira umugwi Rayon Sports umwanya n’umwanya ashobora kwerekeza mu gihugu c’Ubushinwa mu mugwi wo mu cicaro cakabiri witwa Shaanxi Chang’an Athletic Fc .

Ku makuru twakuye mu kinyamakuru Fan club co mu gihugu c’Urwanda n’uko uyo musatirizi niyaramuka ashize umukono ku masezerano muri uwo mugwi azohora ahembwa amadorari y’amanyamerika angana n’ibihumbi amajana abiri (200 0000 US$ ku mwaka.

Ukwifuzwa kwa Jules muri uyo mugwi wo m’Ubushinwa n’ukungene uyo musatirizi yitwaye neza mw’ihiganwa ryo mu mwaka uheze mu gihugu c’Urwanda aho yatowe nk’umsatirizi w’umwaka yatsinze ibitsindo vyinshi bigera kuri 30 mu nkino 32.

Binavugwa y’uko Shaanxi Chang’an Atletic Fc imaze kugura amaseserano Jules yari asigaranye muri Rayon Sports angana n’umwaka mbere bakazobaha n’amafaranga y’amadarora agera kuri 55 000 US$.

Mu kwezi guheze vyari vyavuzwe y’uko uyo musatirizi ariko aronderwa cane n’umugwi Young Africans wo mu gihugu ca Tanzania.

Jules Ulimwengu yari yanse kuja muri uyo mugwi bivanye n’uko yabona y’uko uyo mugwi utari mw’ihiganwa rikomeye ryotuma atera aja imbere gusumba ariko bikaba vyarangiye yemeye kuja muri uwo mugwi .

Ashobora kuba agiye guhembwa amafaranga y’akataraboneka kuva aho atanguriye gukina umupira w’amaguru kuko ku masezerano Fan Club yasomye n’uko uyo mukinyi buri igihe cose uyo mugwi uzoba ukinye ugatsinda uzohora umuha amadorari ibihumbi 3000 US$ unganije naho umuhe amadorari igihumbi (1000 US$) mbere uyo mukinyi akazohora anarihirwa n’itike y’indege yo kugenda no kugaruka mu gihugu ciwe c’Uburundi.

Shaanxi Chang’an Atletic ukaba washinzwe mu mwaka wa 2016 ukaba uri mu kibanza ca 9 mw’ihiganwa ryo mu cicaro cakabiri m’Ubushinwa ukaba wakira abantu ibihumbi 5000.

Uyo mukinyi akaba ari hano mu gihugu c’Uburundi kumvo zo kurondera Visa yo kuja muri ico gihugu c’Ubushinwa kugira ashire umukono kuri ayo masezerano.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871