homepagekirundikirundi_Sports

Hussein Welo yaraye atanze imihoho muri Olympic Star

Kuri uyu wa gatandatu uheze igenekerezo rya 26 Gitugutu 2019 niho hamenyekanye y’uko umumenyereza Hussein Welo yandikiye ikete abatwara umugwi Olympic Star y’uko yatanze imihoho yo kuba umumenyereza w’umugwi wa Olympic Star.

Iyo mihiho akaba yayitanze inyuma yo kunganya na Athletico Academy ibitsindo 3-3 ku musi wa gatandatu i Muyinga mu rukino rw’indwi ya 11 ry’ihiganwa rya Primus ligue .

Impamvu yoba yatumye Hussein Welo atanga imihoho gushika n’ubu ntiramenyekana yaba kuri Welo ntaragira ico ashikirije canke kubatwara Olympic Star.

Hussein Welo akaba ari umumenyereza yafashije Olympic Star gutwara igikombe c’umukuru w’igihugu c’umwaka wa 2017 ivyatumye uyo mugwi Olympic Stsr ukina ubwa mbere mu mateka yawo inkino za CAF confederation cup.

Hambavu yo kumenyereza Olympic Star Huseein Welo yaramenyereje kandi umugwi Inter Star hamwe na Musongati Fc.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871