Entertainmenthomepagekirundi

Emery Sun agiye guhindura ibitari bike inyuma y’imisi myishi ari mugacerere

Inyuma y’ikiringo kitari gito Emery Sun aracarindiriye umwanya mwiza ngo asohore urundi ruririmbo ruzosohokana n’amasanamu yago.

Ongereza niryo zina ry’ururirimbo umuririmvyi Emery Sun agiye gusohora aho ruzosohokana n’amasanamu ; ni inyuma yigihe kitari gito asohoye indirimbo Dawa gushika ubu nayonyene itarakorerwa amasanamu.

Mu kiyago Emery sun yagiraniye na Indundi Magazine yagize ico avuga kuri iyo ndirimbo igiye gusohoka ngo uko ayibona arizeza cane abakunzi biwe ko ari indirimbo nziza, yanditse neza, irimwo n’ubutumwa bwererkeye urukundo nk’uko asazwe yandika akenshi indirimbo z’urukundo. Akaba ari indirimbo avugamwo amajambo nka : “aravye uko akunzwe, uko amfashwe ntiyipfuza ko yopunguza ahubwo yokongereza urukundo kuko abayeho neza”.

Ayo akaba ari amwe mu majambo azoba ari muri iyo ndirimbo Ongereza igiye gusohoka, akaba ari  indirimbo yakozwe na Kolly da Magic nayo amasanamu akorerwa mu nzu imwe yitwa Jay-c production ikaba yakozwe n’umuhinyanyunzi w’amasanamu yitwa Oli Black.

Mwomenya kandi ko Emery Sun yaramaze amezi 9 adashira ahabona akaririmbo na kamwe, nayo kucerekeye amasanamu hari haciye ikiringo kingana n’umwaka umwe n’amezi indwi yose ata sanamu uwo muririmvyi asohora akaba yaheruka kuboneka mu masanamu y’ururirimbo Nalewa

.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769